
Uyu mugabo w’imyaka 31 aturuka muri zone Bugarama iri muri komine n’intara ya Muramvya.
Kuva ahagaritse amashure mu mwaka w’i 2007, Egide yaciye amanuka i Bujumbura kurondera akazi. Ntivyatevye yaciye akaronka mu kirabo kiri mu Kabondo.
Inyuma y’imyaka 3, Egide yaciye afata ingingo yo gusubira iwabo, maze aca ahitamwo kudandaza intumbaswa.
Avuga ati : « ku munsi ndashora kudandaza amahera ari hagari y’ibihumbi 8 na 10, ngaheza ngatunga umukenyezi wanje n’abana 3 ».
Ku bwawe, Egide yafashe ingingo nziza ?